DLM +61

DLM +61 DLM IJWI RY'IBIKORWA

15/06/2026

80% y’Abarundi benshi iyo bageze mubindi bihugu cane cane vy’abazungu barihakana iwabo ariko Nestor yandikishije amakeka akomeye mumakungu.

Na +61 ntiyariyasigaye inyuma nk'uko mubibona, ndetse umurongozi mukuru wa +61 niwe yahaye idarapo y'uburundi mukumukeza.

+61

‎  : Isekeza ryo gukura ku masoko inzoga z’  rirabandanya.Mu ntara zitandukanye zigize igihugu cacu ahenshi bariko barag...
15/06/2026

‎ : Isekeza ryo gukura ku masoko inzoga z’ rirabandanya.

Mu ntara zitandukanye zigize igihugu cacu ahenshi bariko baragira isekeza ryo kurwanya inzoga zifise umwambiro ukaze izo benshi bita

Uburongozi bwa Komine Gitega burabandanya gushira inguvu mu kurwanya inzoga zikaze zizwi kw’izina ry’ubusarabwayi, mu ntumbero yo gukingira amagara y’abanyagihugu no guhasha ubudandaji bwazo.

‎Kw'igenekerezo rya 14/6/2026, ukaba wari umusi ugira kabiri w’iryo sekeza, Musitanteri wa Komine Gitega, Jacques Nduwimana, afadikanije n’umugwi wa komine ujejwe gukurikirana no kurwanya abadandaza n’abanywa izo nzoga, yabandanije ibikorwa vyo kugenzura Isoko nkuru ya Gitega aho bagendaguye ibibanza izo nzoga zirangurirwamwo hamwe n’aho zidandarizwa, mu ntumbero yo gutegura igikorwa co kuzikura burundu ku masoko.

‎Musitanteri wa Komine Gitega yamenyesheje abadandaza bose ko bategerezwa kwandikisha no kumenyesha uburongozi igitigiri c’inzoga z’ubusarabwayi basigaranye mu bubiko bwabo. Yavuze ko izo nzoga zitegekanywa gupakirwa no gusubizwa mu mahinguriro yazihinguye guhera kuri uyu wa mbere nyene.

‎Yaboneyeho n'akaryo ko kugabisha ko inyuma y’ico gikorwa, umuntu wese azofatanwa izo nzoga, yaba ariko arazidandaza canke azibitse, azohanwa hisunzwe amategeko .

‎Musitanteri Jacques Nduwimana yasavye kandi imigwi yashinzwe muri ma zone no ku mitumba kuguma irikanuye no gukomeza ibikorwa vyo kugenzura, kugira ngo iryo sekeza rigende neza mu miduce twose tugize komine Gitega.

‎ +61

 : Amande y’ibihumbi 100 niyo azotangishwa abadandaza   mu masaha y’akaziKw'igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026, Musitanteri...
15/06/2026

: Amande y’ibihumbi 100 niyo azotangishwa abadandaza mu masaha y’akazi

Kw'igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026, Musitanteri wa komine Rumonge Augustin Minani yarakoresheje inama y'umutekano aho hafashwe ingingo ko amande ashika ibihumbi 100 yarasanzwe atangishwa kuwufashwe ariko adandaza inzoga zikaze ziri mumacupa ya plastique bita mumwanya wakazi ngo azobandanya acibwa abatazokubahiriza iyo ngingo.

Nimugihe abazofatwa bariko barazinwa nabo ngo bazocibwa amande y’ibihumbi 10.

Abadandaza n'abanwa izo nzoga ngo bategerezwa kumenya ko kizira kuzinwa mu mwanya wakazi

+61

Isekeza rizomara ukwezi ryo gutuza umucafu mu   bwose. Ni imwe mu ngingo y'Inama nshikiranganji yo kur'uyu wa 10/06/2026...
15/06/2026

Isekeza rizomara ukwezi ryo gutuza umucafu mu bwose. Ni imwe mu ngingo y'Inama nshikiranganji yo kur'uyu wa 10/06/2026, aho yasavye abashikiranganji bane (intwaro yo hagati mu gihugu, inyubako rusangi, amagara y’abantu, no kumenyesha amakuru) "ukutihanganira na gato icitwa agacafu. Mu bisagara, abarongoye amakaritiye barasabwe kwinjira mu ngo kugira ngo
barabe ingene ibijanye n’amayarara bitunganywa.”

Igikorwa co kugwanya isuku rike mu gihugu catangujwe mu mu 2024 n'Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu Angeline Ndayishimiye, akaba ari n'umugambi uriko urakurikiranwa kw'isi yose https://presidence.gov.bi/2024/03/21/la-premiere-dame-du-burundi-lance-le-mouvement-zero-dechet-pour-des-villes-plus-propres-et-durables/

+61

Umubiri w'umuhisi President Melchior Ndadaye kumwe n'abo bashinguranywe ugiye kuzurwa wimurirwe ahahambwe umuganwa Rudov...
15/06/2026

Umubiri w'umuhisi President Melchior Ndadaye kumwe n'abo bashinguranywe ugiye kuzurwa wimurirwe ahahambwe umuganwa Rudoviko Rwagasore

Ni umwe mu migambi yavuzwe n'umushikiranganji w'Ikigega ca Reta Alain Ndikumana aho yari ageze kugushikiriza amafaranga azohabwa Ubushikiranganji bw'Imico n'Akaranga.

Ariko arasigura imigambi mikurumikuru kuri buri bushikiranganji n'amafaranga izotwara, yongera avuga ko uyu mwaka buca utangura hagiye gutunganywa neza ikibanza c'iratiro kiri ku musozi wa Vugizo ahasanzwe hashinguye umuganwa Rwagasore.

Ikindi, ni uko umubiri w'umuhisi Prezida Melchior Ndadaye kumwe n'abo bashinguranywe ugiye kuzurwa wimurirwe ahahambwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ni mu ntumbero yo kugira ikibanza c'intatemwa ca Vugizo kibe ikibanza ciharijwe n'intwari, incungu z'igihugu, site mémorial.

Ahasanzwe hashinguwe uwaharaniye Demokrasi, hategekanywa kuzoca hasubirwamwo ku buryo kiba ikigo c'akaranga (maison de culture).

Ico gikorwa co gutunganya ico kibanza kizotwara amafaranga angana n'umuriyaridi w'amarundi.

+61

‎  : Ku ncuro ya mbere, umurundi ash*tse mu gice ca nyuma mu matora y’ishirahamwe mpuzamakungu  ‎‎Ku  wa 15 Kigarama 202...
13/06/2026

‎ : Ku ncuro ya mbere, umurundi ash*tse mu gice ca nyuma mu matora y’ishirahamwe mpuzamakungu

‎Ku wa 15 Kigarama 2026 i New York, niho igice ca nyuma kizoba aho mu banyamahanga 16 baturuka mu bice bitandukanye vy’isi bariko bahiganirwa ibibanza 9 mu murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu (Comité des droits de l'homme)

‎Uwo murundi yitwa Jacques Nshimirimana, uwahora ari Umukomiseri mu murwi . Ni bwo bwa mbere Umurundi ashika ku kuva uyu murwi utanguzwaho mu mwaka w'1976

‎Uwo murwi ujejwe gukurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’Isezerano Mpuzamakungu ryerekeye agateka k’abanyagihugu n’amatati ya poritike (PIDCP), kandi ni umwe mu bikoresho bikuru bikuru vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu gukingira agateka ka zina muntu kw’isi

‎Jacques Nshimirimana afise uburambe bw’imyaka irenga 20 mu vyerekeye agateka ka zina muntu, ubutungane bw’abana n’indwano yo kurwanya urudandazwa rw' abantu. yakoze urugendo rukomeye rw’imyimenyerezo n’imigenderanire mu mezi aheze, aho yabonanye n’intumwa z’ibihugu bitandukanye bishika kuri ONU i New York n’i Genève

‎Uretse ko ari intambwe ikomeye mu buzima bwiwe, uwo murundi arererekana n’ishaka ry’igihugu c’Uburundi mu gukomeza uruhara rwaco mu nzego mpuzamakungu ziteza imbere kandi zikingira agateka ka zina muntu

‎Kw' igenekerezo rya 15 Kigarama uyu mwaka, si umugabo umwe gusa azoba ariko asaba icizere c’ibihugu vyasinye rya sezerano PIDCP; azoba ari n’umuhinga mu vy’amategeko bw’Uburundi bwipfuza kwicara mu mutima w’urwego rwiza rwa ONU mu bijanye n' agateka ka zina muntu

‎ +61

  yakiriye amakonteri mashasha y’umuyagankuba arenga ibihumbi 20 mu bubiko bwayo i Bujumbura. Kuri uyu wa gatanu, igenek...
13/06/2026

yakiriye amakonteri mashasha y’umuyagankuba arenga ibihumbi 20 mu bubiko bwayo i Bujumbura.

Kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 12 Ruheshi 2026, Umuyobozi Mukuru wa yahagarariye igikorwa co kwakira amakonteri y’amatara mu bubiko bw’ibikoresho vya REGIDESO i Bujumbura.

Mu minsi iheze, harakwiragiye ibihuha bivuga ko amakamyo yari atwaye ayo makonteri yazimiye. Ariko rero, ayo makuru yarabeshujwe, kandi hatanzwe insiguro zerekana ukuri kw’ivyabaye.

Muri ico gihe nyene, abenegihugu benshi baragaragaje imyidogo yabo bavuga ko bamaze igihe kirekire barishe amafaranga y’amakonteri y’amatara ariko bakaba batarayaronka. yaragiye irabaha amakuru ku ntambwe ibikorwa vyari bigezeko, ibahumuriza ko ikibazo kiriko kirakurikiranwa.

Mukiganiro yatanze, Umuyobozi Mukuru wa Dr Ir Lt Col. J.Albert MANIGOMBA yavuze ati:

Yasiguye kandi ko imbere y’uko ayo makonteri atangwa ku benegihugu hari ibikorwa bigiye gukorwa harimwo:

Kwemeza ko ibiharuro n’ubwoko bw’amakonteri yaronse bihuye n’ayatumwe;

Kurungika icegeranyo ku rwego rujejwe kugenzura amasoko ya Leta kugira ngo rwemeze ko vyose vyubahirije amategeko;

Kwinjiza ayo makonteri muri sisiteme ya , aho ibikoresho vyose vy’ishirahamwe bibanza kwandikwa no kwemezwa.

Inyuma y’ivyo bikorwa, hazoca hatangura itangwa ry’amakonteri ku benegihugu. Hazoshirwaho imigwi myinshi ijejwe ico gikorwa kugira ngo abarishe bose bashobore kuyaronka mu gihe gito gishoboka.

Ku bijanye n’abipfuza amakonteri ariko batari mubamaze kuyasaba, Umuyobozi Mukuru wa yamenyesheje ko kubera ikibazo c’ukubura amakonteri cari gihari, yari yarahagaritse kwakira ama komande mashasha.

Yavuze ko igihe itangwa ry’aya makonteri rizoba ritanguye, hazosohorwa itangazo rihamagarira abipfuza amakonteri bashasha kwiyandikisha no gukora ama (devis) kugira ngo bazoshobore kuronswa amakonteri mu mwanya muto.

Mu kurangiza, Umuyobozi Mukuru wa REGIDESO yashimiye abenegihugu bose bari bamaze igihe barindiriye ayo makonteri, kubera ukwihangana n’ukwizera bagumanye mu gihe c’ukurindira ko ikibazo gitorerwa umuti.

+61

‎ : Kuva ubu ntawurekuriwe kunywa canke gucuruza inzoga zo mu murwi w'udusarabwayi‎‎Nk'uko bishikirizwa na musitanteri w...
12/06/2026

‎ : Kuva ubu ntawurekuriwe kunywa canke gucuruza inzoga zo mu murwi w'udusarabwayi

‎Nk'uko bishikirizwa na musitanteri wa Komine Gitega, Jacques Nduwimana, kuva kuri uyu wa 12 Ruheshi 2026, umuntu wese azofatwa ariko anywa inzoga zitemewe n'amategeko zo mu murwi uzwi kw’izina ry'udusarabwayi azohanwa, co kimwe n’uwuzidandaza

‎Musitanteri yabishikirije mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa 12 Ruheshi 2026, inyuma y’inama yagirishije abarongoye amashengero, abaserukira abanyagihugu bo muri zone zigize Komine Gitega, abaserukira abadandaza, abanyamitahe, abajejwe ubutungane n’umutekano, n'abandi batangukanye

‎Intumbero y’izo ngingo ngo ni ugukingira amagara y’abenegihugu no gukomeza umutekano muri komine Gitega, mu kurwanya ikoreshwa n’ikwiragizwa ry’inzoga zitemewe n’amategeko zishobora guteza ingorane ku buzima no ku mutekano w’abenegihugu

‎Muri komine , na ho nyene kuva kuri uyu wa 13 Ruheshi 2026 ngo hagiye gutangura isekeza ryo gukura izo nzoga mu mabutike

‎ +61

Mu gusozera ikiganiro cabaye k'umusi w'ejo igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi...
12/06/2026

Mu gusozera ikiganiro cabaye k'umusi w'ejo igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi Nestor Ntahontuye yashimye ko hari imyitwarariko myinshi y’abenegihugu iriko irakorerwako.

Asaba abenegihugu ko hari ikibazo bokwitura inzego z’igihugu hakiri kare, namwarirya zikwiye kandi ko ubu inimero za terephone z’indongozi ziri ku mugaragaro.

Arakengurukira abenegihugu ko bamwandikira ubutumwa butobuto bw’ivyo bokorerako, ariko akavunira akagohe abenegihugu ko boja barabucisha kuri terephone nini watsape kugira vyose biboneke kandi bikorerweko.

Asaba ko umwe wese mu vyo ashoboye yoterera kugira ibibazo bikemurwe kare, ku nyungu y’igihugu n’umwenegihugu.

Arashima ico kiyago, akamenyesha ko ari akaryo ko kwiga kugira Uburundi bubandanye butera imbere.

Yashimiye Abashikiranji ko batanze inyishu zitomoye ku bibazo babajijwe.

+61

Mu nkino 104 z'igikombe c'isi RTNB ifise uburenganzira bwo kwerekana inkino 34, ku mashusho yo kurundi rwego kuri Canal+...
12/06/2026

Mu nkino 104 z'igikombe c'isi RTNB ifise uburenganzira bwo kwerekana inkino 34, ku mashusho yo kurundi rwego kuri Canal+

Mu gihe kuva kuri uyu 11 Ruheshi isi yose izoba kuba ihanze amaso inkino z'igikombe c'isi, iradiyo n'imboneshakure y'Uburundi RTNB, ari nayo rudende izokwerekana izo nkino, ngo ntiyaronse uburenganzira bwo kwerekana inkino zose.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa 11 Ruheshi, Innocent Niyonkuru, umuyobozi w'ubuhinga muri RTNB, yamenyesheje ko imboneshakure y'Uburundi itaronse uruhusha rwo kwerekana inkino zose. Yemerewe inkino 34 gusa.

Akabirya, ngo RTNB igiye kuza kumashusho yo ku rundi rwego kuri Canal+ nk'uko vyemezwa na Mamy Razafimaharo aserukira Canal+ mu Burundi.

Canal+ na RTNB bemeranije ko amashusho ya RTNB ajako akabirya mu kubona neza. Yavuye kuri "qualité ya Standard definition" aja kuri "high definition".

Hampande y'ivyo, Canal+ yahisemwo kwegereza abarundi ama chaîne yabo, kugira ntibibagore kurondeza mu gukurikirana imboneshakure zo mu Burundi.

RTNB bayishize kuri chaine ya mbere, Buja TV bayishira kuri chaine ya kabiri nayo Heritage TV bayishira kuri chaine ya gatatu.

Mwomenya ko urukino rwo kwugurura hagati ya Mexique na Afrika y'epfo ruza kwerekanwa ikibiriraho isaha zitatu z'ijoro.

+61

Address

Rumonge

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when DLM +61 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share