DLM +61

Website

DLM +61 DLM IJWI RY'IBIKORWA

UBURUNDI BWIBUKE IMYAKA 65 INCUNGU Y’INTAHE YO KWIKUKIRA, UMWAMI LOUIS RWAGASOREKuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13 G...
13/10/2026

UBURUNDI BWIBUKE IMYAKA 65 INCUNGU Y’INTAHE YO KWIKUKIRA, UMWAMI LOUIS RWAGASORE

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13 Gitugutu 2026, Abarundi bibutse imyaka 65 irangiye incungu y’intahe yo kwikukira, Umuganwa , agandaguwe.

Ibirori vyo kwibuka iyo ncungu vyahereye ku musozi wa Vugizo, muri zone na komine , intara ya , ahari intatemwa yiwe.

Ibirori vyaranzwe no gushira urugori rw’amashurwe kuri iyo ntatemwa, igikorwa cakozwe n’Umukuru w’Igihugu, .

Ivyo birori vyitabwe kandi n’izindi ndongozi zitandukanye, harimwo Umukuru w’Inama Nshingamateka, ; Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ; Umushikiranganji wa Mbere, ; Icegera c’Umukuru w’Igihugu, ; Umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa; Umukuru wa Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Shingiro; uwahoze arongoye Uburundi, ; abatambukanyi b’abahoze ari abakuru b’Igihugu, na ; abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abandi.

Uyu mwaka, Umuganwa Louis Rwagasore yibutswe ku civugo kigira kiti: «Umwenegihugu w’ukuri ni uwucihebera igihugu».

+61

 : Buramatari w'intara ya Butanyerera, Gen Bde Pol Victore SEGASAGO, yakoranije ba Musitanteri n'izindi ndongozi mu nama...
12/10/2026

: Buramatari w'intara ya Butanyerera, Gen Bde Pol Victore SEGASAGO, yakoranije ba Musitanteri n'izindi ndongozi mu nama y'umutekano

Inyuma y’imvura y’igihuhusi ivanze n’umuyaga mwinshi yaguye mu Ntara ya Butanyerera ku wa 9 Gitugutu 2026, igasiga yononye ibintu bitari bike, Buramatari w’Intara, , yahamagariye indongozi mu nama y’umutekano yabaye kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 12 Gitugutu 2026.

Iyo nama yahuje abarongoye abandi mu ntara, harimwo ba Musitanteri b’amakomine n’izindi ndongozi, ikaba yari igamije kurabira hamwe uko umutekano wifashe muri rusangi.

Bimwe mu muvyononywe n’iyo mvura ni ibi bikurikira:

🏠 Amazu: Amazu ashika 800 yarasambutse burundu, mu gihe ayandi arenga 1.252 yatwawe ibisenge.

🏫 Amashure: Amashure 28 yaragurutse amabati, ku buryo abanyeshure badashobora kubandanya bayigiramwo hatagize igikorwa.

🌾 Indimo: Imirima ingana na hegitari 2.034,4 yaratwawe n’isegenya.

💔 Ubuzima bw’abantu: Abantu 3 barahasize ubuzima, abandi 51 barakomereka.

👪 Imiryango yakozweko: Imiryango ishika 16.100 ni yo yagizweko ingaruka zikomeye.

📍 Uduce twakozweko: Imitumba 199 yo mu mazone 40 ni yo yakozweko n’iyo mvura.

Muri iyo nama, Buramatari Gen Bde Pol Victor Segasago yasavye inzego zose gukorera hamwe n’abenegihugu mu bikorwa vyo kwikingira, muri ibi bihe vy’imvura y’umuyaga n’isegenya bizwi nka .

IBIKORWA VYIHUTIRWA BISHIRWA IMBERE

1️⃣ Gukomeza inyubakwa: Kubaka amazu akomeye no gukoresha uburyo bwo kunyegeza ibisenge (toitures cachées).

2️⃣ Gukingira isindimwa: Gutera ibiti n’ivyatsi bifata isi, hamwe no guca imikobeko mu mirima no ku misozi itandukanye, kugira hagabanywe isegenya.

3️⃣ Gusibura inzira zose z’amazi: Gusibura imiserege n’imiringoti yo ku mabarabara no mu mitumba, kugira amazi aronke inzira acamwo atononye inyubakwa n’ibindi bikorwa rusangi.

Izo ngingo zigamije gukomeza gukingira ubuzima bw’abantu n’amatungo yabo, hamwe no kugabanya ibihombo biterwa n’ibiza muri ibi bihe vy’imvura nyinshi.

+61

  : Imvura n'umuyaga mwinshi vyasize uruhombo rudasanzwe muri Komine  Nk'uko vyemezwa na Musitanteri wa Komine  , mu nta...
11/10/2026

: Imvura n'umuyaga mwinshi vyasize uruhombo rudasanzwe muri Komine

Nk'uko vyemezwa na Musitanteri wa Komine , mu ntara ya , , imvura yaguye muri iyo Komine kuva ku wa 8 Gitugutu 2026, yarononye ibintu bitari bike.

Mu biharuro vy'imfatakibanza, amazu 67 yarasambuwe n'imvura ivanze n'umuyaga mu mazone ya , , na . Amasomero atatu yaragutse kw'ishure ry'Ubuhinga LTC .

Imvura ivanze n'umuyaga n'urubura yaguye ku wa 9 Gitugutu, yarononye amahegitari arenga 10 y'imirima, ahanini irimwo ibitoke, muri zone ya .

Ku wa 10 Gitugutu, imvura yaguye ku ruhande rwa zone ya yarononye ikiraro ca . Iyo ata gikorwa gihutiyeho co kugisana, ico kiraro gishobora gusenyuka burundu.

Musitanteri arasaba imvukira kugira uruhara mu bikorwa vyo gusanura inyubakwa rusangi n'amazu y'abenegihugu vyononekaye.

+61

 : Hafashwe ingingo zo gukingira abanyeshure no gukomeza umutekanoMu nama y’umutekano yagutse yabaye ku wa kane, igeneke...
09/10/2026

: Hafashwe ingingo zo gukingira abanyeshure no gukomeza umutekano

Mu nama y’umutekano yagutse yabaye ku wa kane, igenekerezo rya 8 Gitugutu 2026, iyobowe na Musitanteri wa komine , , hafashwe ingingo zitandukanye zigamije gukomeza umutekano n’iterambere ry’abanyagihugu.

Abakora mu gisata c’amahoteri bahamagariwe gufasha mu kurwanya inda z’ishushu mu banyeshure, birinda guha ivyumba abagabo basambanya abana bataragera mu bigero. Hoteli izofatirwamwo umunyeshure muri ivyo bikorwa izoca yugarwa. Hafashwe kandi ingingo yo gushiraho abazamu ku mashure no gukurikirana abanyeshure bata amashure.

Ku bijanye n’ubudandaji, abajejwe intwaro basabwe gukurikirana iyubahirizwa ry’ibiciro vy’inyama vyashinzwe muri komine, kuko hari abavyidoga ko bitubahirizwa. Hafashwe kandi ingingo zo kurwanya magendo, ibiturire n’amarigara, gukomeza umutekano w’amasoko, guteza imbere ibikorwa rusangi, gutera amavoka no kwubaka amabarabara akoreshejwe amabuye.

Abitavye iyo nama basabwe kandi gukomeza amahoro no gukundisha igihugu abanyagihugu, mu gihe Musitanteri yabasavye kuzokwitabira umunsi mukuru wo kwibuka , Incungu y’Ukwikukira kw’Uburundi, uhimbazwa ku wa 13 Gitugutu.

+61

 : Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 08 Gitugutu 2026, yononye ibitari bike.Iyo mvura...
08/10/2026

: Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 08 Gitugutu 2026, yononye ibitari bike.

Iyo mvura ikaba yaguruye amazu n’amashure, ndetse ivunagura ibiti, ibitoke n’ibindi.

Abajejwe intwaro kuva kuri komine gushika ku mitumba bakaba bagorobeje bashika mu bibanza bimwe bimwe kugira barabe ivyayononekeye, bongera baremesha Abenegihugu.

Twomenyesha ko ivyayononekeye vyose bitaramenyekana mu mazone yose.

 : Utuzu dutandatu tw’ubudandaji twahiye i  Utuzu dutandatu tw’idandarizo (kiosques) twubakishijwe imbaho, hamwe n’ibida...
07/10/2026

: Utuzu dutandatu tw’ubudandaji twahiye i

Utuzu dutandatu tw’idandarizo (kiosques) twubakishijwe imbaho, hamwe n’ibidandazwa vyose vyari bibitswemwo, vyahiye biratokombera mu muriro wadutse isaha 10 n’igice z’ubuca, kuri uyu wa 7 Gitugutu 2026, ku mutumba wa Rubona, muri komine , intara ya Bujumbura.

Nk’uko vyemezwa n’uwurongoye zone Rubona, , izo kiosques zitandatu n’ibidandazwa bitandukanye vyari birimwo vyose vyahiye, kandi nta na kimwe cashoboye kurokorwa.

Samuel Kubwimana amenyesha ko inyamiramabi yatanguye amatohoza, kugira hamenyekane abahuye n’ivyo vyago hamwe n’ivyashoboye gutera uwo muriro.

Uwurongoye zone Rubona atera akamo abobishobokera ko bogarukira kuri abo benegihugu basigaye mu kangaratete, mu gihe abadandaza na bo bararikwa kwitura amazu y’ubwishingizi (assurance), kugira bakingire ivyabo.

+61

 : Ubugenzuzi bw’amahinguriro y’ibinyobwa mu gisagara ca  Uwurongoye igisata c’Ubudandaji n’Amahinguriro muri Komine Ngo...
06/10/2026

: Ubugenzuzi bw’amahinguriro y’ibinyobwa mu gisagara ca

Uwurongoye igisata c’Ubudandaji n’Amahinguriro muri Komine Ngozi, ari kumwe n’Umushikirizamanza Mukuru wa Reta yegukira Parquet y’i Ngozi, uwurongoye Igipolisi muri Komine Ngozi hamwe n’izindi ndongozi, bakoze urugendo kuri uno wa 6 Gitugutu 2026 mu mahinguriro ahingura ibinyobwa mu gisagara ca Ngozi.

Urwo rugendo rwari rugamije kuraba uko ayo mahinguriro ariko arakora, inyuma yaho hasohotse itegeko ryo guhagarika guhingura ibinyobwa bifise umwambiro urenze.

Zimwe mu nganda zagendewe harimwo , yubatswe ku mutumba , , na , zubatswe mu .

Muri Star Company, uwo mugwi wasanze bafise amakarato 1,346 y’ikinyobwa bita Imararungu, hamwe n’amakarato 1,500 y’ikinyobwa bita Terama W**e.

Muri Kings Company, basanze bafise amakarato 100 y’ikinyobwa bita Tumenyane W**e.

Nzoyisaba David, umuyobozi w’uruganda Tibu Brewery, yavuze ko kuva babona itegeko ry’Umushikiranganji, baciye bahagarika guhingura ibinyobwa bifise umwambiro urengeje. Ubu ngo bariko barahingura imitobe, bongera bakira ibinyobwa basubizwa n’abari babiranguye.

Mu ruganda CSTA, hibonekeje ibinyobwa bitamenyerewe, haciye hugarwa.

Mu mazu y’ububiko ya Tibu Brewery, Star Company na Kings Company, harimwo ibinyobwa bifise umwambiro urengeje, haciye haba harugawe kugira ngo ntihabe ukwikika mu kiza mu kudandaza ivyo binyobwa.

+61

Abaporisi bo mu ntara ya   basabwe gukaza urugamba rwo kurwanya urudandazwa rwa magendoKuri uyu wa kabiri, igenekerezo r...
06/10/2026

Abaporisi bo mu ntara ya basabwe gukaza urugamba rwo kurwanya urudandazwa rwa magendo

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 6 Gitugutu 2026, Umushikiranganji w’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n’Umutekano, Léonidas Ndaruzaniye, yagirishije inama abarongoye abandi mu giporisi bakorera muri Komisariya y’Intara ya Buhumuza. Iyo nama yabereye ku mugwa mukuru w’iyo ntara.

Intumbero y’urwo rugendo kwari ukwishikira ku kivi, kugira Umushikiranganji aganire n’abaporisi ku kuntu bariko barashira mu ngiro imirimo bajejwe, harimwo gukingira abenegihugu n’ivyabo, hamwe no kubungabunga amahoro n’umutekano.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Jean Claude Candari, arongoye igisata co kumenyesha amakuru mu Bushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n’Umutekano, abaporisi bo mu ntara ya Buhumuza bashikirije Umushikiranganji ingorane ziboneka mu mirimo yabo.

Muri izo ngorane harimwo ikibazo kijanye no kwiyunguruza, cavuye ku gushirwa mu ngiro kw’intunganyo nshasha y’intwaro mu gihugu. Umushikiranganji akaba yabahumurije ko ico kibazo kigiye kurondererwa umuti.

Ku rundi ruhande, uwurongoye Igiporisi muri iyo ntara, Général de Brigade de Police Lambert Habonimana, yamenyesheje ko urudandazwa rwa magendo ruri mu bibazo bihambaye bihanganye n’urwego rw’igiporisi muri iyo ntara.

Yavuze ko mu mezi atanu aheze, hafashwe toni zirenga 34 z’ikawa, hamwe n’ibindi bicuruzwa birimwo ibigori, ibiharage, ikawa, ibitenge, ifarini n’ibindi.

Umushikiranganji Léonidas Ndaruzaniye yahamagariye indongozi z’igiporisi guhimiriza abo barongoye gukaza urugamba rwo kurwanya urudandazwa rwa magendo.

Yabahimirije kandi gushira mu ngiro amategeko yose ava ku ndongozi z’igihugu, hamwe n’ayandi mategeko afatwa n’ubundi bushikiranganji.

Muri ayo mategeko harimwo iryaheruka gufatwa n’Ubushikiranganji bujejwe amahinguriro n’ubudandaji, rihagarika uguhingura inzoga zikaze.

Umushikiranganji yasavye abaporisi gukurikirana neza ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko, mu kuraba ko ivyo binyobwa bitabandanya guhingurwa no kwiherezwa.

+61

 : 🐒 Imamfu z’Uburundi ziri muri Kenya zigiye gutahukanwa mu gihuguKu wa mbere, tariki ya 5 Gitugutu 2026, hatanzwe icig...
06/10/2026

: 🐒 Imamfu z’Uburundi ziri muri Kenya zigiye gutahukanwa mu gihugu

Ku wa mbere, tariki ya 5 Gitugutu 2026, hatanzwe icigwa cerekana ingene imamfu z’Uburundi zahungishirijwe muri Kenya kuva mu 1995 zoshobora gutahukanwa mu Burundi.

Armelle Irakoze, arongoye ikigo c’igihugu kijejwe ingenzi, yavuze ko gutahukana izo mamfu ari ngirakamaro kuko ari ubutunzi bw’igihugu, kandi ko bizofasha guteza imbere ubukerarugendo no gukingira ibidukikije.

Kugeza ubu, imamfu 20 ziri muri , mu gihe izindi zibiri, Mutama na Mugenzi, ziri muri .

🌳 Ishamba rya Kigwena, riri muri komine mu ntara ya , ni ryo ryatoranyijwe ngo ryubakemwo ikigo kizocumbikira izo mamfu. Iryo shamba rifise ubuso bwa hegitari 586, kandi igice ca hegitari 100 ni co gitegekanijwe kubakwamo ico kigo.

💰 Abahinga bavuga ko hakenewe amafaranga angana na 5.333.499.640 FBu kugira hubakwe ico kigo.

Georges Nikiza, umunyamabanga w’umugwi w’igihugu ujejwe gutahukana izo mamfu, yavuze ko ico gikorwa gisaba gutegura neza aho zizoshikira, uburyo zizozanwa, uko zizotungwa, kuvurwa no gukurikiranwa.

Abari muri iyo nama basavye ko hoba ubundi bushakashatsi ku bijanye n’isi, ikirere n’ahazokwubakwa ico kigo, kugira uwo mugambi ushobore gukorwa neza.

Muri rusangi, Uburundi busanzwe bufise imamfu zigera kuri 400, nk’uko bivugwa n’abakorera mu kigo OBPE.

+61

04/10/2026

Join us for a special celebration filled with worship,prayer , prayer,praise,Followship, and the Word of God

Address

Rumonge

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when DLM +61 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share