Iteka brain

Iteka brain Know more

22/01/2026

Game over 😃😃😃🙉🙉

💰 : "Ntumvunire umunzane" canke "Cumba ukaravye", ni ryo zina bari bahaye ikidudu kubera cagurwa make none caduze igicir...
18/01/2026

💰 : "Ntumvunire umunzane" canke "Cumba ukaravye", ni ryo zina bari bahaye ikidudu kubera cagurwa make none caduze igiciro...
----------------------------------------
🔙 Ikidudu cahora kigurwa amafranga 300 Fbu kw'isoko ya , komine , mu mezi y'ici gushika mu kwezi kw'icumi, bamwe mu baguzi bemeza ko hari n'amazina bacitirira ngo "Ntumvunire umunzane" canke "Cumba ukaravye", bashaka kuvuga ko bushaya, ariko ubu batangarira ukungene ibiciro vyaduze, aho ikiro kigurwa 600 FBu (ya fu yitwa ngo cumba ukaravye yagurwa 300) canke 800FBu (iyitwa ndoha)

🎤 Bamwe mu barimyi bemeza ko bagiye kubukura mu cibo, mu gihe abaguzi bo bamenyesha ko habaye ukwihuta mu guha amazina ico kidudu

👀 Musomyi, aho uherereye vyifashe gute?

🚨🚨 Ya modoka ya Kirikou A Kili benshi Bayizi nka Ndagahe nde yaraye igize isanganganya 🤷🏾‍♂️Bivurwa ko imodoka itari ifi...
18/01/2026

🚨🚨 Ya modoka ya Kirikou A Kili benshi Bayizi nka Ndagahe nde yaraye igize isanganganya 🤷🏾‍♂️

Bivurwa ko imodoka itari ifise umuririmvyi Kirikou ahubwo yari yayitije umugenzi wiwe w'umwigeme maze imodoka igira isanganya ariko ntawakomeretse canke ngo ahasige ubuzima

  : Bibonimana Jean Bosco, n'umusore  avuka muri Komine  , Ni umwe mu rwaruka  afise inyota yo gukora , kandi yiyemeje g...
17/01/2026

: Bibonimana Jean Bosco, n'umusore avuka muri Komine ,
Ni umwe mu rwaruka afise inyota yo gukora , kandi yiyemeje guteza imbere akarere abayemwo mu kurima igiterwa c'ikijumbu .

Jean Bosco azwi nk’umuntu:
✅ w’umunyamwete
✅ w’umwizigirwa
✅ akunda ibikorwa vy’iterambere
✅ akorana neza n’abandi
Mu buzima bwa minsi yose, arangwa n’ugukora cane, ukwitanga n’umutima wo gufasha mukibano . Ni akarorero keza kerekana ko urwaruka rushoboye guhindura ibintu bikamera neza .

👏 Turamukeje cane ku ntambwe amaze gushikako, kandi turamwipfuriza kurushiriza gutera imbere mu migambi yiwe yose!




15/01/2026

Women 🤭🤭

📛❌ 🇺🇬🇺🇬   Ibintu Vyakomeye mumatora yumukuru wigihugu ca UGANDA uko vyari vyitezwe Kuri Yoweri Kaguta Museveni siko vyag...
15/01/2026

📛❌ 🇺🇬🇺🇬 Ibintu Vyakomeye mumatora yumukuru wigihugu ca UGANDA uko vyari vyitezwe Kuri Yoweri Kaguta Museveni siko vyagenze. mumatora igitangaje cagaragaraye mumatora nuko umuntu wese yatora IGISIRIKARE ca UGANDA kimuhagaze hejuru urumvako babona uwo atoye kandi batorera kumugaragaro atavyo. kuja mumashure canke ngo mutuzu twitorero nkuko bksanzwe bikorwa mubindi bihugu ibintu vyatangaje cane

🇺🇬 UGANDA AMATORA yabaye mukajagari aho batorera mumabase arya twogeramwo 🥹

💪🇺🇬 Uno Mugabo Bobi Wine yahemesheje museveni mutatora kugezeho na Internet bayikufye kuva hirya yejo igihugu cose WhatsApp canke Facebook na YOU TUBE ntanakimwe kiriko kirakora no guterephona ntibikunda biravurwako hamwe Ano Matora atobamwo ubusuma Museveni yakubiswe impaga yananiwe cane ntamajwi yahawe reka turindire ikizoba mumatora Samedi

💪 BOBI WINE AFISE IMBARAGA NYISHI ABANYAGIHUGU BARAMUYOKA CANE ARIKO SINZI KO MUSEVENI AREKURA ❌

  :Inzu 44 zaraye ziciweko imisaraba itukura, ikiringo c'indwi 1 kiratangwa ngo zibe zatanguwe gusubirwamwo atari uko zu...
15/01/2026

:Inzu 44 zaraye ziciweko imisaraba itukura, ikiringo c'indwi 1 kiratangwa ngo zibe zatanguwe gusubirwamwo atari uko zugarwe.

✍️Ivyo vyaraye bikozwe k'umuhingamo w'uyu wa 14 Nzero 2026 n'Intwaro, Umutekano n' Igipolisi bagiwe imbere na musitanteri wa Komine .

🎤Mu kiganiro,iyo ndongozi yagiranye n'Abanditsi n'Abamenyeshamakuru inyuma y'ukuzunguruka igisagara ca hakorwa amasuzumwa y'uko gitunganijwe n'ibikigize bagasanga zihari nyinshi ziteyisoni cane haciye hafatwa ingingo yo guca imisaraba itukura ku nzu 44 ngo zibonekako zifise zohava zihekura abenegihugu kuko hari n'inzu iherutse kwibomora muri ico gisagara ibitera amakenga ko n'izindi zobomoka .

🙌 Hambavu yo gusaba ko inzu zo muri ico gisagara zose zosirwa neza zigasakazwa amabati ayononekaye agasubirizwa ikiringo c'indwi 1 nico catanzwe kugira benezo babe batanguye kuzisubiramwo atari uko zugarwe kugira ntizizohitane ubuzima kw'abenegihugu.

Nyamugigima y’akaranduramushaha yakoze amarorerwa mu bihugu vya Asiya bitari bike yongera yonona vyinshi. Hari kuri uyu ...
28/03/2025

Nyamugigima y’akaranduramushaha yakoze amarorerwa mu bihugu vya Asiya bitari bike yongera yonona vyinshi.

Hari kuri uyu musi igenekerezo rya 28 Ntwarante 2025 aho mu gihugu ca Birimaniya hazindutse haba ikinyamugigima gikaze cane co kurwego rwo hejuru rwa 7,7 (magnitude 7,7). Iyi nyamugigima ikaba yash*tse no mu bihugu nk’ubushinwa na Tayilande.

Iyi nyamugigima yo kurwego rwo hejuru yamaze amasegonda nka 30 ikaba yatanguye isaha imwe n’iminota 20 z’agatondo neza na neza i Sagaing ni kubirometero 16 uva ku murwa mukuru w’iki gihugu ca Birmaniya ariwo Naypyidaw. Aha nyene ku murwa mukuru amabarabara, inyubakwa, bikaba vyasambaguritse tutibagiye kandi n’abantu batari bake bakomeretse bajanywe mu bitaro bitandukanye.
Iki kinyamugigima kikaba cash*tse no mu bindi bihugu bihana imbibe na Birimaniya aha twovuga nka Tayilande aho ibintu naho nyene vyahayogereye.

Umukenyezi Duangjai w’i Chiang Mai igisagara kigira kabiri muri Tayilande, yamenyesheje itorokanirizo ry’amakuru AFP ati : « Numvise isi inyiganyiga cane nciryamiye i muhira, navundurutse niruka kure cane y’amazu nari ncambaye agahuzu naryamanye ». Muri iki gihugu nyene amagorofa yabomaguritse aho hari n’igorofa igeretse incuro 30 yari ikiriko irubakwa yasenyutse maze irwa kubakozi bayo n’ubu abashika 30 bakaba bataratorwa mu bihomoka.

Iki gihigu ca Birmaniya rero kikaba gikunze kubonekamwo za nyamugigima zikaze cane zihitana abantu n’ibintu kikaba kandi ari n’igihugu ubuhinga bwo kwubaka butari ku rwego rwiza bituma inzu zisambuka cane mu bihe nk’ibi ariko kandi ngo n’ubuvuzi bukaba butarwiriye cane cane mu mihingo itegereye ibisagara nk’uko tubikesha ikinyamakuru 20 Minutes.

 :Kuri uyu wa 10 Kigarama 2024, Ikigo kijejwe Iterambere ry'ingo n'imiryango mu Ntara ya  ,gifadikanije n'Ishirahamwe   ...
11/12/2024

:Kuri uyu wa 10 Kigarama 2024, Ikigo kijejwe Iterambere ry'ingo n'imiryango mu Ntara ya ,gifadikanije n'Ishirahamwe rikorana na batunganije igikorwa kijanye no kurangiza imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n'abigeme.

🔴Muri iyo Ntara ,ico gikorwa cabereye Ku kibuga c'Umupira w'amaguru ,gitanguzwa n'urukino rw'umupira w'amaguru rwahuje abigeme b**a ku mashure ya na no gutanga impanuro zijanye no kurwanya ayo mabi.
🎤Mw'ijambo yashikirije, ,Umuyobozi w'Ikigo c'Iterambere ry'Ingo n'Imiryango muri iyo Ntara, yibukije abari aho ko kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n'abigeme biraba buri muntu wese,akamenyesha ko uwo musi bivugwa ko barangije imisi 16 yahariwe kurwanya ayo mabi ariko badahagaritse kuyarwanya.
🔭Kubw'ijambo n'impanuro vyashikirijwe n'Umuhanuzo wa Buramatari ajejwe Iterambere , , yibukije abari aho ko Igihugu kidashobora gushika ku mahangiro y'igihugu cifashe muri 2040 kandi giteye imbere muri 2060 mu gihe hacibonekeza abakenyezi n'abigeme bahohoterwa abandi bagafatwa kunguvu.
Yabandanije atanga impanuro asaba ko umwe wese yofata iyambere mu kurwanya ayo mabi,aca ahanura urwaruka rw'abigeme,kwirinda ibihendamaso no kwiga amashure maremare kugira bazoteze imbere Igihugu.

26/07/2024

♥️♥️♥️♥️♥️♥️🇧🇮🇧🇮

05/07/2024

SDA BUBANZA CENTER


Ni Omega Couple Mwiyi Misi Basa Nabatavyorosha Murukundo Aho Bagaragaza Uburanga,Ukwiyumvanamwo, Guhuza ... Ndetse Akens...
23/06/2024

Ni Omega Couple Mwiyi Misi Basa Nabatavyorosha Murukundo Aho Bagaragaza Uburanga,Ukwiyumvanamwo, Guhuza ... Ndetse Akenshi Bakunda Kuba Barikumwe Umwanya Munini cane Bava Muntara Ya

Bafise Uko Bitanaho Cane Birenze Uko Twovyibaza Mbega Urukundo Rwiyi Couple Ntirusanzwe Kbx

TUBAHE AMASHURWE YABO🌿☘️🌺💐🪴


BRAIN

🇼 🇷 🇹 🇧 🇾 🇧 🇪 🇷 🇮- 🇸 🇭 🇪 🇧 🇦

Address

Burundian
Bubanza
GMP

Telephone

+25769891190

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Iteka brain posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share