16/08/2022
Ibintu bitanu bidasanzwe twomenya ku musozi Mugera
⛰️Umusozi wa Mugera uri muri komine Bugendana, intara ya Gitega. Kw'itariki nk'iyi, abemera bo muri ekleziya katorika barahahurira mu guhimbaza umusi mukuru w'iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya.
📄Hari ibintu vyinshi bihavugwako. Turabire hamwe bitanu muri vyo :
1️⃣🙏🏽 Imana za Mugera : Imbere y'umuzo w'abamisiyonari, umusozi wa Mugera wari wubashwe mu kwemera kw'Abarundi.
🏳️ Carazira ko amaraso ahasesekera. N'iyo hagize abashamirana, uwuhungiye kuri Mugera yaba akize. N'abahigi bariko biruka ku gikoko ntibagikurikira kirinze kihashika. Caba gikize.
2️⃣ Bivugwa kandi ko abamisiyonari batari bahisemwo kuba no kwubaka i Mugera. Mu mwaka w' 1899 bararonse uruhusha rwo kwubaka imisiyoni mu karere k'amasango ya Ruvubu na Ruvyironza.
✅ Bari bahisemwo ahitwa i Munyinya, ni hakurya y'i Mugera, hari itaba.
💡Asigura ivyerekeye Mugera, patiri Simoni Nzigirabarya yasiguye mu mwaka w'2019 ku musi w'iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya ko "ibitwazi vy'abamisiyonari vyarushe cane bigeze i Mugera bigeze ku musozi wa Mugera, barahata biranana baca bacumbika i Mugera".
3️⃣ Isenga ry'ibuye ry'i Mugera abaho bakunze kwita "kuri grotte" canke " i Rudi" ryubatswe higanwe iriri i Lourdes mu Bufaransa. Ni naho hava izina "i Rudi".
🎇 Mu mwaka w'1858, Bikira Mariya yarabonekeye i Lourdes mu Bufaransa. Mu 1958, bibuka imyaka ijana bibaye niho hubakwa isenga ry'ibuye i Mugera risa n'iry'i Lourdes.
4️⃣🇧🇮 Vyemejwe n' intwaro, itariki 15 Myandagaro Uburundi bwararagijwe icese Bikira Mariya Mugabekazi w'Amahoro i Mugera.
💪🏼 Hari mu gihe co kurondera ukwikukira, hari abafise amakenga ko hashobora kwaduka indyane. Niho abapiskopi katorika baca bandika ikete ku wa 3 ruheshi 1961 basaba abakristu ko itariki 15 Munyonyo bosidukana n' iyonka bagahurira i Mugera gusabira igihugu.
👨🏽💼 Ni kuri iyo tariki, Reta iserukiwe n'umuganwa Rudoviko Rwagasore, haba imigirwa yo "kuragiza Uburundi" Bikira Mariya Mugabekazi w'Amahoro.
5️⃣🤴🏾 Ubwami : Niho Ntare Rugamba yapfiriye hongera havukira Mwezi Gisabo.
👴🏾Mu busaza bwiwe, Ntare Rugamba yaciye aja i Mugera. Yari aruhishijwe n'Intambara nyinshi yarwanye afise n'indwara y'ibinyoro.
Umwamikazi Nziramibango yari afitiye akajirya Twarereye yari gusubirira Ntare Rugamba yaciye agerageza kumuhuza n'umwigeme yitwa Vyano, amuvyarako umwana bise Bijoga yahavuye aba umwami abanje kurwana na Twarereye.
⚰️ Ntare Rugamba yapfuye ahagana mu 1852. Bivugwa ko imbarutso yoba ari umwigeme yamutwenze atamumenye amubonye aho yari yicaye, ibimonyo bimugejeje habi. Niko guca atanga.
🤗Hari ibindi bintu murumva bivugwa kuri uwo musozi wa Mugera ?
📷CanalBlog
Inkomoko : Le petit futé; Naissance d'une église, histoire du Burundi chrétien ca Patiri Perraudin.